Assemblée Nationale du Burundi

 

Accueil du site » Français » ÉVÉNEMENTS » Événements

Itangazo rishikirijwe n’Inama Nshingamateka hamwe n’Inama Nkenguzamateka z’Uburundi inyuma y’akamo k’Umukuru w’Igihugu na Leta y’Uburundi ko gushigikira abashikiwe n’isanganya ry’umuriro mw’Isoko Nkuru ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013

Publié samedi 16 février 2013
parTharza Manirakiza
:

1. Inyuma y’ikiza c’umuriro warigise isoko nkuru ya Bujumbura imiryango itari mike igasigara mu kangaratete itagira ico yirengeje, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu na Reta y’Uburundi barahamagariye Abarundi bose n’incuti z’Uburundi kugarukira kuri abo bose bari batunzwe n’iyo soko, ubu bakaba batagira ayo bacira n’ayo bamira.

2. Abashingamateka n’Abakenguzamateka barashima ingingo zihutirwa zimaze gufatwa na Reta mu ntumbero yo kurondera ukugene imirimo y’ubudandaji yahagaritswe n’iryo sanganya yosubira gutangura. Muri izo ngingo twovuga nko gutunganya ikibanza coba kirakoreshwa nk’isoko nkuru mfatakibanza, hamwe n’ugushinga ikigega co gushigikira abadandaza bashikiwe n’ivyo vyago kugira ngo basubire kuharangurira imirimo y’ubudandaji yari ibatunze.

3. Mu ntumbero yo kwitaba akamo ka Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yahamagariye Abarundi bose n’incuti z’Uburundi, Abashingamateka n’Abakenguzamateka bose barifadikanije n’abo bose bamaze gushikiriza intererano zabo mu kwegeranya na bo nyene intererano ivuye ku mushahara wabo. Iyo ntererano begeranije kandi bagiye gushikiriza ni imiriyoni ijana z’amarundi (100.000.000 BIF).

4. Abashingamateka n’Abakenguzamateka b’igihugu c’Uburundi baboneyeho akaryo ko gusubira guhoza imiryango yose yashikiwe n’ivyo vyago.

5. Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zirifadikanije na Reta mu gusubira gutera akamo Abarundi bose hamwe n’incuti z’Uburundi ngo babandanye bashigikira utwigoro turiko turakorwa kugira ngo imiryango yashikiwe n’ivyo vyago isubire kurangura imirimo yari isanzwe ari yo mikoro yabo.

6. Abashingamateka n’Abakenguzamateka b’Uburundi basavye ababijejwe gukoresha neza uburyo bwose buzoba bwegeranijwe.

7. Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirasubiye kwiyemeza kubandanya kwifadikanya na Reta mu kurondera inyishu zirama ku bibazo vyose vyatewe n’izo ngorane.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 15 Ruhuhuma 2013.

Umukuru w’Inama Nshingamateka, Hon. Pie NTAVYOHANYUMA n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,Hon. Gabriel NTISEZERANA.

 
BP 120 Bujumbura - Burundi | Tél. : +257 22 26 70 55/51 | Email : communication@assemblee.bi |